CNDD-FDDNo Comments

​Imbonerakure

Imbonerakure ni iki?

Imbonerakure ni umuhari w’Urwaruka uhurikiye mumugambwe CNDD – FDD, rufise hagati y’imyaka 18 na 40.

Ijambo Imbonerakure ryavuye hehe?

Kera umuhari CNDD – FDD ukiri kurugamba, urwana n’igisirikare careta c’Uburundi cari kigizwe n’ubwoko bumwe bw’abatutsi, akaba arinaco cari casenyuye demokarasi twari twarose igihe haza imigambwe myinshi, hanyuma mumatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 1/6/1993 hagatorwa Presida Melchior Ndadaye bakamwicana n’abafasha biwe bamuhora gusa ko yari umuhutu. Hariho abana bafasha kurugamba mukurereka iyo abasoda ba Reta bazanana kugira ntibakikize intagoheka zagwanira demokarasi arizo FDD (Forces pour la Défense de la Démocratie). Urwo rwaruka ico gihe barwita aba doriya kivuye muri « DOOR =porte», ukuvuga Doriers twovuga ko bari inderetsi, zarereka ko abansi baje zikaburira ingabo za FDD ngo bikazanure hakirikare batarategwa.

More...

Intambara ikibera mukamenge hariho abantu bakubita kubiti vyamatara  baburira abantu ngo bahunge, abarwanyi nabo ngo bagabe. Urugamba rumaze gukwira igihugu cose CNDD – FDD imaze kuvuka, urwo rwaruka rwacunga kudusozi ahantu habonera, babonye abansi bari bafise ibiti bagakubitako baburira abarwanyi.

Ico gihe rero baba, bahavuye bitwa imbonerakure kuko koko bategerezwa  kubona abansi bakiri kure kuko bababonye babashikiriye ataco vyari kumara. Iryozina imbonerakure ryinjiye nyezina mumateka ya CNDD – FDD mwikoraniro kaminuza ry’umugambwe ryabereye i Gitega kuwa 7- 8/8/2004.

Ubu Imbonerakure zikora iki ?

Amabanga yazo ntatandukanye cane nayo zakora muntambara ariko mumahoro no muntambara sico kimwe, ariko ivyo bafasha bifise akamaro kanini cane.

Twavuze ko imbonerakure ari urwaruka rufise hagati y’imyaka 18 na 40, nizo nguvu zose z’igihugu, ataco zikoze igihugu ntahocoshika. Imbonerakure zirakora cane mugucungera amutekano w’igihugu.

Nivyo umutekano w’igihugu ujejwe ubwambere nambere inzego z’igihugu : igipolisi, igisirikare ariko ntarwego narumwe rwokwishoboza rwonyene gucungera umutekano w’igihugu.

Kubera ko umugambwe CNDD – FDD wahinyuye ko abenegihugu kuko bakwiye hose , bokwunganira izo nzego, harashinzwe umugwi bise « comites mixtes de sécurité » igizwe n’inzego z’umutekano ni ukuvuga igipolisi n’igisirikare, abajejwe intwaro, abajejwe ubutungane, n’abenegihugu.

Muri abo benegihugu rero bari muri iyomigwi ifasha mw’icungera ry’umutekano w’igihugu benshi bari muri rwa rwego rw’imbonerakure kuko nibo bakibasha.

Imbonerakure ico zibonye cose cotera amakenga mu gihugu zica zikivuga kunzego zibijejwe. Ivyo bituma igihugu kiguma gitekanye ninavyo bisigura ingene igihugu cari cononekaye muri yamigumuko yo muri 2015 ariko amatora yo muri 2015, be n’ayi’ibwirizwa nshingiro akaba yabaye atangorane nimwe . Ninaco gituma atamyaka myinshi irahera ubu igihugu gitekanye muburyo butangaje.

​Ni kuki abansi b’igihugu (Abarundi n’abanyamahanga) batyoza canecane imbonerakure

Yamigambwe idashaka amatora , yamashirahamwe yiyita ngo ntaharanira ivyicaro vya politike be na yamashirahamwe mpuzamakungu bacuditse , navyabihugu birwanya uburundi vyakunze kuba bityoza izina ry ‘ imbonerakure kugirango bazikureko urupfasoni n’ubutwari zifise kugira zonyene zicike intege, zireke gukora kugira umugambwe CNDD – FDD ute inguvu n’urukundo abenegihugu bawufitiye, maze uzotebe uzove kubutegetsi ariko bizobagora cane mbere ntanuwuzi ko bazigera babishikako.

​Abazungu banka imbonerakure barondera umugambwe CNDD - FDD

Igihe wavuka, waje atamuntu numwe awiyumviriye, urwana atagihugu na kimwe kiwufasha ubu utwara rero, iyo abazungu bashaka kwotsa igitutu abatwara igihugu biragorana kubumvira kuko uwutagufashije nawe umufasha ico ushatse canke naho ntihagire nakimwe umufasha. Bagomba rero ko basubizaho abahoze batwara kera kuko aribo babashiraho hanyuma bakabakoresha ivyo bashaka.

Umugambwe CNDD – FDD ufise inguvu zikwije kandi ntukorera kubwoba, ivyo ukora bituma igihugu gitera imbere, kikigenga vyukuri, kandi abazungu nabo bakabura ivyo bashaka kuronka baduciye muryahumye canke badukandagiyeko

Inguvu za CNDD – FDD rero zishingiye kumbonerakure no kubenegihugu bose, nico gituma abarondera kwica umugambwe babanza gucafuza no kurondera kwica imbonerakure.

>