CNDD-FDDNo Comments

​Imihari yo mumugambwe CNDD - FDD

Intangamarara

Umugambwe CNDD - FDD ugizwe nabantu bo muntara zose, ubwoko bwose buri muburundi (abatwa, abahutu n’abatutsi), abagabo, abagore n'imiyabaga.
Umugambwe CNDD - FDD ugizwe naba bakurikira abawutanguje, abawinjiye n'abakunzi bawo. Abatanguje Umugambwe CNDD - FDD ni abo bose bari bawurimwo kuva 1994 gushika mû umwaka wa 2004. Abawinjiye ni abobose binjiye Umugambwe CNDD – FDD Kuva 2004  gushika uno musi, ni abanywanyi b’Umugambwe CNDD - FDD. Abakunzi bawo ni abo Bose bakunda imigambi nimigabo y’Umugambwe CNDD - FDD ariko kubera imvo zitabavuyeko kumbure zakazi nibindi, ntibawinjiremwo.muri ico igihe baratumirwa mubikorwa bimwe bimwe bakaza.

More...

Muri abo bantu Bose twadondaguye muntangamarara, Umugambwe CNDD - FDD ubashira mumihari ikurikira:

  • Abakenyererarugamba ni abakenyezi bose bari mumugambwe CNDD - FDD, bama bazirikana ibanga bafise mumuryango, mugihugu no mumugambwe. Ni ugwego gwashinzwe n’abakenyezi bari kurugamba rw’unganiwe nizindi nzego kuko abanyagihugu bahura ningorane nyinshi mukubaho no mundero y’abana.
  • Imbonerakure ni urwaruka ruri mumugambwe CNDD - FDD ruri hagati y'imyaka 18- 35.Iryo zina ryemejwe igenekerezo rya 27/8/2004 mwikoraniro kaminuza ry ‘umugambwe CNDD – FDD. Imbonerakure nibo berekana inzira, kandi nibo berekana umwansi. Bashizweho kugira babe inderetsi y’umwansi. Rwama rubangutse muri vyose, rugatezimbere igihugu n' imiryango.
  • Hari nishirahamwe ry abahumure: ni abobose bari mumugambwe CNDDFDD bahoze kurugamba hamwe nabahoze mubuzi mugabo batakiburangura kubera bashikiriye imyaka yo gukukiruka.

Iyo mihari yose yo mumugambwe CNDD - FDD ifise Abagumyabanga. Umugumyabanga ni umuntu wese ari mumugambwe CNDD - FDD, akaba azi ico ari, akagumya ibanga kndi akama agavye nk'inkona.Iyo mihari yose ifise akarangamutima n'inyifato itegerezwa kugendera.

​Akarangamutima k 'umugumyabanga

Akarangamutima ni iki ?

​Akarangamutima ni ukwiha intumbero yikintu runaka mukagifundikira hamwe nabandi. Mumugambwe CNDD –FDD akarangamutima ni intumbero zituma umugumyabanga wese aguma ahagaze bwuma bikamuha inguvu zimutuma atsinda icocose kimubuza gushika kuntumbero yihaye (Ico umugambwe uharanira).

Akarangamutima ni isoko umugumyabanga avomamwo ivyiza vyose bizomukuza mukuba umugumyabanga abushitse. Akaranga mutima ni ubutunzi buragwa abana n’abuzukuru, niko gafasha abantu gushika kuvyo bipfuza gushikako, ni urufunguruzo rw’ugurura inzugi nyinshi.  Uwugendera akarangamutima agira urukundo mubantu, yubaha zina kiremwa muntu kandi akomeza amahoro n’umutekano aho ari hose.

Akarangamutima gashigikirwa nibi bikurikira :

  • Kahise : gahuza abantu muvyabashikiye, muvyo baciyemwo bigatuma batahura ibintu kumwe ;
  • Akubu : uramenyako hari abandi bantu mudasangiye akarangamutima murikumwe, uca uhagarara magabo ntihagire uwuhungabanya ishingiro ry akarangamutima kawe.
  • Kazoza : ico tuzoba muri kazoza gitegugwa na kahise bifatanije na kubu. Akarangamutima karafasha rero kwitegurira kazoza, mukwitwararika amahoro, ubutungane, demokarasi, iterambere, …

Isezerano ritazohinduka : Imana twayihaye ikibanza  ca mbere mumugambwe CNDD - FDD

Umugumyabanga yama yiyumvira ku neza y’ igihugu ahari hose, akumva kO atacomubuza gukunda igihugu kO no kugipfira yogipfira. Ivyo vyoshoboka mukugendera akarangamutima kagizwe nibi bikurikira:

  1. kwamiza kumuzirikanyi kO abantu bose babarundi abatwa , abahutu n'abatutsi kO bose ari abana b'uburundi.ntanyagupfa nta nyagukira ;
  2.  Umugumyabanga yama araba ivyiyumviro vya benshi akagirako agatahura n'ivyiyumviro vya bake ;
  3. Umugumyabanga ntagira nkunzi akurikira ivyiyumviro biteza imbere igihugu kndi bidacinyiza umuntu numwe.ntashira imbere intara canke ubwoko ;
  4.  Umugumyabanga ariyamiriza akagaye, agacinyizo, amacakubiri. Akazibira inzira vyozananamwo yose ;
  5.  Umugumyabanga wese aratahura ko umuntu amenje si intara yose avamwo cnk ubwoko bwiwe buba bumenje, umuntu ahanirwa ikosa ryiwe. Intara yose canke ubwoko bwose burimwo ababi abeza ;
  6. Umugumyabanga ntashira isoni iciyumviro ciwe agishikiriza mubwitonzi ;
  7. Umugumyabanga yicisha bugufi, ntasakuza ;
  8. Umugumyabanga arubaha indongozi kuko uburongozi bwose butangwa n'Imana ariko ntazifata nkibigirwamana ;
  9.  Umugumyabanga aremera ko demokarasi  ariyabarundi bose ;
    Haba uwuri mumugambwe watsinze amatora cnk uwatsinzwe kuko uwutsinzwe ntibatsindaho.Igihugu c'iteka duharanira Nico abarundi bose ;
  10.  Ico umugumyabanga aharanira nuko abarundi bose bategerezwa kubana mumahoro, gutyo ubutegetsi bugahabwa abantu babishoboye ;
  11.  Umugumyabanga ategerezwa kuba umugabo abushitse. Umugabo ni uwufise ico amariye mumuryango n'igihugu ciwe ;
  12.  Umugumyabanga yama yitwararika agateka ka zina muntu, akama ari imvuga kuri ;
  13. Umugumyabanga ntabikira ibanga uwugomba guta igihugu mukaga, ariko amushira ahabona ubutungane bugakora ;
  14. Umugumyabanga yama yitwararika ibikogwa vy 'umugambwe akamenya ko afise ico ategerezwa gukora kugira umugambwe utere imbere ;
  15.  Umugumyabanga yamana intege, ntagohegwa kuko akagoye bagumako ;
  16.  Umugumyabanga wese ategerezwa gushira hamwe inguvu nabandi kugira bakutse ikivi, ntashira imbere ivyicaro ;
  17. Umugumyabanga agwiza ibikorwa kuko bamurabira kuvyo akora kurusha ivyo avuga ;
  18. Umugumyabanga ategerezwa kubana neza nabandi, mukibano ciwe hakaba amahoro akongera akabera akaroreroababanyi ;

Abagumyabanga duhamagariwe kuguma duharanira na ntaryo ineza yabenegihugu bose no kubungabunga itunga rusangi

​Inyifato y ‘umugumyabanga

  19. Inyifato y ‘umugumyabanga
  20. Umugumyabanga aremera ko Imana se barundi ifise ikibanza cambere mugihugu, agakunda igihugu n' umuryango wiwe ;
  21. Umugumyabanga yemera kutigungirako ubutunzi bw’umugambwe CNDD - FDD, nugusabikanya ubitegetsi ;
  22. Umugumyabanga  yitwararika kugendera indero nimico kama vy’ikirundi ;
  23. Umugumyabanga  yemera gusonera nogushira mungiro amategeko y'Umugambwe CNDD – FDD ;
  24. Umugumyabanga yemera kwitwararika amategeko yigihugu ,y' umugambwe n’ayabagize umugambwe ;
  25. Umugumyabanga  yitwararika ibikorwa vy 'Umugambwe iyo bikenewe ;
  26. Umugumyabanga ategerezwa gukurikiza amategeko atanzwe ni inzego zimukurira z’Umugammbwe CNDD – FDD ;
  27. Umugumyabanga ategerezwa kw itangira igihugu n'Umugambwe CNDD - FDD murupfasoni ;
  28. Umugumyabanga  yitwararika kwinjiza abanywanyi benshi ku neza ;
  29. umugumyabanga ategerezwa kwubahiriza ikiremwa muntu ;
  30. Umugumyabanga yemera guhanurwa, kwihanura no guhanura mumutekano ntangere ;
  31. Umugumyabanga yitwararika  gutunganya neza amatungo y’igihugu umugambwe n'umuryango ;
  32. Umugumyabanga yemera kwitangira abanyagihugu n'umugambwe CNDD – FDD ;
  33. Umugumyabanga  yemera kurwanya amacakubiri iyo aturuka hose nayariyo yose ;
  34. Umugumyabanga yemera gufatana munda n’abagumyabanga bose mubuzima bwa misi yose ;
  35. Umugumyabanga yemera gushigikira, kurwanira Umugambwe CNDD - FDD muvyiyumviro mumvugo no mungiro ;
  36. Umugumyabangayitwararika kwirinda gutambikiza mumugambwe CNDD – FDD ;
  37. Umugumyabanga yemera kugendera ibanga n'ubugabo.

Umugumyabanga wese yamiza k umutima ko Imana se barundi ifise ikibanza cambere, akama azirikana ko Ineza y'igihugu yama iza imbere. Igihugu gitera imbere iyo bene igihugu bagize inguvu bakazishira hamwe.

Twarumvise - Twarabonye - Twaratahuye

>