CNDD-FDDNo Comments

PETERO NKURUNZIZA NI INDE?

Petero NKURUNZIZA ni umukuru w’igihugu c’Uburundi kuva itariki 26/8/2005, igihe yari ahejeje gutsinda amatora yagizwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye.

More...

Indondoro y’ ubuzima bwa Petero NKURUNZIZA

Petero NKURUNZIZA yavukiye i Ngozi itariki 18/12/1964, kumutumba buye komine Mwumba. Sewiwe yitwa Ngabisha Eustashe, Petero NKURUNZIZA avukana n’abana batandatu, ni umurundi wo mu bwoko bwabahutu. Petero NKURUNZIZA yubatse urugo mu 1994 na Denise BUCUMI bafitaniye abana batanu : abahungu batatu n’abakobwa babiri.

Petero NKURUNZIZA yakuriye mubuzima butoroshe cane kuko sewiwe yahoze ari komiseri wa arrondissement i Ngozi hanyuma atorwa munama nshingamateka yo mu 1965 munyuma aca yicwa nintwaro ya president Micombero mumwaka wa 1972.

Kuva ico gihe yabaye impfuvyi afise imyak 8 asigarana na nyina atari afise uburyo bukwiye bwo kubarera nkuko se yabigira.

Yakuze ari umwana yitonda, aciye ubwenge mwishure kandi yakunda ibikorwa. Inyuma y’amashure matomato, yize amashure yisumbuye kuri athénée i Gitega gushika muri 1987. Kubera atashobora kuronka amahirwe yo kwinjira muri kaminuza y’ Intwaramiheto (ISCAM) yaciye yinjira mwishure kaminuza y’Uburundi, mugisata c’ikarashishi I.E.P.S (Institut d’Education Physique et sport) aho yahejeje mumwaka wa 1991, aronka urupapuro rw’impamyabushobozi (diplôme de licence) namanota meza cane (Distinction).

​Akazi yakoze

Agiheze amashure, yaronkejwe akazi ko kwigisha mw’ishure nkuru ry’ i Muramvya (College de Muramvya ubu ryitwa Lycée de Muramvya). Munyuma yarahamagawe ngo aje kwigisha nkumufasha (Professeur Assistant) mw’ishure kaminuza ry’uburundi, mugisata ca I.E.P.S yari yarizemwo, aho hari mumyaka ya 1991- 1995 inyuma yaho akaba ariho yahavuye yinjira mumuhari warwana CNDD.

Ubuzima Bw’umurwanyi

​Petero NKURUNZIZA yagiye mw’ishamba asize umugore n’abana babiri. Kubera atarinze kumusezera, umugore ntivyamworoheye kuvyakira. Icamutumye agenda mw’ishamba ubutaraririye ni uko hari intambara y, amoko abahutu n’abatutsi bakaba baratandukanye mumpande zose zigisagara ca Bujumbura, amakaratiye ya Kamenge na Kinama yari agizwe n’ubwoko bumwe bwabahutu yama yatewe n’igisoda ca Reta cari kigizwe nubwoko bumwe  bwabatutsi be n’imihari yabo bita aba « Sans Echec », « Sans Defaite »n- abandi.

​Mumisi yimbere bari baherutse kwica abanyeshure babahutu kuri université y’Uburundi, Campus Mutanga, hanyuma bariko bategura kwica abanyeshure n’abigisha muri Campus Kiriri aho Petero NKURUNZIZA yakora, amaze kubimenya yagiye ubutaraririye, yinjira mumisozi yo muntara ya Bujumbura rural hanyuma yinjira muri CNDD (Conseil National pour la Defence de la Democratie).Kubera umwete, ubwenge n’ ubukerebutsi hamwe n’ubutwari yerekanye, ntiyatevye kuronka amabanga mashasha muri urwo rwego.

 Mumwaka  wa 1998 yagenywe ngo abe umunyamabanga mukuru mumuhari CNDD ajejwe ivyerekeye intwaro mugihugu (Affaires Intérieurs). Mu 2001, mugihe umuhari warimwo inryane zidasanzwe z’intara amoko n’ibindi, yaragenywe ngo abe ariwe atwara umuhari. CNDD – FDD ico gihe wari watswe uwitwa Nyangoma Leonard yawutwara ubwambere, wakwa ubugira kabiri jean Bosco NDYIKENGURUKIYE ; Kubera amacakubiri yintara batashaka gukura mwitunganywa ryuwo muhari. Ico gihe bamutoye ngo atware uwo muhari wari usigaye witwa CNDD – FDD wateye uja imbere, urugamba rurakomera araheza arahuza abarwanyi barasubira barumvikana gushika aho awushikana kumasezerano yo guhagarika ingwano yabereye i pretoria muri Africa yepfo.

Mu mwakawa 2003, akirongoye uwo muhari niho yatahuka nabarwanyi biwe, aronka amabanga yo kuba umushikiranganji wa reta ajejwe intwaro ibereye nukugenzura ibikorwa vya reta (Ministere d’Etat à la bonne Gouvernance et Inspecteur Générale de l’Etat) muri Reta mfata kibanza yari irongowe na Domitien NDAYIZEYE.

Abagumyabanga duhamagariwe kuguma duharanira na ntaryo ineza yabenegihugu bose no kubungabunga itunga rusangi

Ubuzima bwa Politike

Umuhari CNDD – FDD umaze gutahuka mugihugu, harageze aho usaba kumugaragaro kuba umugambwe nkuko iyindi migambwe yari yemewe mugihugu yari yabigenjeje. Mumwaka wa 2004, niho haba ikoraniro rikuru ry’umugambwe ryogutora uwuzowurongora, abagumyabanga baciye batora Petero NKURUNZIZA ngo awurongore, kandi nkuko vyari bitegekanijwe mumategeko y,umugambwe, niwe yaca yitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu amatora ageze.

Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’ igihugu

​Nkuko ibwirizwa nshingiro  ryo 2004 ryabitegekenya mumatora yabye 4/7/2005, Umugmbwe CNDD – FDD waratsinze amatora yo kuwa 19/8/2005, Petero NKURUNZIZA yaratowe n’inama  nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye ngo abe umukuru w’igihugu c’Uburundi, aca arahira muri ayomabanga kuwa 26/8/2005.

Kuva arahiye ico kiringo cambere co gutwara Uburundi Petero NKURUNZIZA yari ahejeje gutorana igihugu casinzikajwe namacakubiri y’ubwoko, y’intara, ubukene bw’akaronda bukomoka kuntwaro zagiye zirakurikirana zitigeze zitaho koko abarundi bose. Ingwano zari zimaze imyaka zikurakuranwa kugihugu zari zatumye benshi bapfa, abandi barahungira hanze y’igihugu abandi hagati y’igihugu, eka ibiturire n’ibundi bubegito buturuka kw’itunganywa ribi ry ‘igihugu nivyo vyari vyariganje.

Ikintu yahereyeko nubu gituma abarundi bamutangarira ni uko yaciye asohora ingingo irekurira :

  • Abavyeyi kuvyara kubuntu
  • Abavyeyi bibungenze bivuza kubuntu
  • Abana bavutse gushika kumyaka itanu bavugwa kubuntu
  • Abana biga amashure matomato kubuntu

Ikindi yashizeho gushika ubu kiriko kirahindura ishusho y’uburundi bimwe bidasanzwe ni ibikorwa rusangi. Amashure yubatswe, amavuriro, ibibuga vy’umupira ni agatanganza. Bwabaye ubwambere abenegihugu babona umukuru w’igihugu aza muribo, bakamwegera, bakamubona, akikorera ibuye, agakoresha isuka canke ipawa arondera gutanga akarorero kingene abarundi bokwiteza imbere.

Petero NKURUNZIZA yongera gutwara Uburundi

Petero NKURUNZIZA ahejeje kurongora igihugu mukiringo cambere c’imyaka itanu (2005 - 2010), umugambwe wiwe CNDD – FDD wari washimye ingene yakoze, warasubiriye kumugena ngo yitoze mukiringo kigira kabiri (2010 – 20015).

Amatora yabaye kuwa 28/6/2010 atorwa nabenegihugu bose (Suffrage universelle) kuko ariko ibwirizwa nshingiro  ryabitegekanya, yaronse amajwi 91.6%. Abo mumigambwe batavuga rumwe na reta bari batsinzwe mumatota yabashingamateka yo mukwezi kwa rusama 2010, bari bagize amayeri baca banka kuja mumatora bitwaza ngo ayo yambere yabayemwo ubusuma kandi indorerezi mpuzamakungu nizohagati mugihugu harimwo namashengero bose bari bemeje ko amatora yagenze neza. Abenegihugu babonye ko  imigambwe yabo ivuye mumatora, baciye bitorera Petero NKURUNZIZA we yari asigaye yitoza wenyene, aca aronka amajwi menshi 91.6%.

Muri ico kiringo cakabiri, Petero NKURUNZIZA yabandanije kwihutira kugabanya ubukene igihugu n’abenegihugu bamazemwo imyaka myinshi. Ibikorwa rusangi bikorwa kumisi yagatandatu vyarabandanije, amashure menshi arubakwa, amavuriro, inyubakwa zikoreramwo ba buramatari, bamusitanteri eka nibindi vyinshi. Muntara nyinshi  no muma komine atari make, Umukuru w’igihugu yarashinze imigambi y’uburimyi n’ubworozi kenshi yifatanije n’amashirahamwe y’abenegihugu kugira ahindure ivyiyumviro vy’abenegihugu bijukire kurima n’ukworora kijambere, ahindure n, ivyiyumviro n,imico y’abakozi ba reta canke abize amashure, bamenye ko batarimye ngo borore kijambere iwabo aho bavuka, abenegihugu batazokwigera batera imbere kuko babura uwubaha akarorero.

Kubera reta itagishobora guha akazi abize bose, abantu bokwironderera akazi muri ubwo buryo nyene. Petero NKURUNZIZA aravuga ko atagihugu cateye imbere kitabanje kwikwiza muvyo gufungura, ivyo navyo biva kukuntu uburimyi n’ubworozi biba vyijukiwe bigatera imbere. Petero NKURUNZIZA yarahinduye kandi ishusho y’igihugu c’Uburundi mugutanguza ibigwati kugira ngo bukebuke abandi bazove muburaro busabagiye (habitat dispersé) bijukire kuba hamwe mubigwati kuko vyoroha kubateza imbere bari hamwe. Yarubatse amabarabara yikaburimbi  kare akiri yivu yatuma atabidandazwa n’ingenzi bihaca ariko ubu uruja nuruza rukaba rwaciye rwiyongera cane. Ayo nayo ni amabarabara nkaya :

  • Cankuzo – Muyinga,
  • Giteg – Ngozi,
  • Kabonga – Nyanza-Lac,
  • Gitega – Muyinga
  • Nyakararo Mwaro – Songa Gitega

    Harasubiwemwo nayandi nka :

  • Ruhwa – Cibitoke – bujumbura,
  • Bujumbura – bugarama – Kayanza,

Hakaba himirijwe gukorwa nayandi mashasha nka :

  • Bururi – Mahwa – Gitega
  • Makamba – Bururi
  • Nyanza – lac  - Rumonge – bujumbura

Yarakoze nayo mugisagara ca Bujumbura na Gitega eka nayandi mabarabara ahuza intara nama komine yarasubiwemwo ashirwamwo urucekeri kugirango imigenderanire hagati y’abenegihugu b’imihingo yose igende neza kuko hari ico bifasha mw’iterambere. Umukuru w’igihugu c’uburundi yariyumviriye gukura igihugu mungeso yo gupanga amazu yabikorera utwabo bimaze imyaka myinshi bizimba igihugu. Intwaro zagiye zirakurikiranwa imbere yiwe zagumye zituma reta yama iriha amahera y’umurengera inyubakwa ikoreramwo. Nta ntwaro nimwe yigeze yiyumvira kwubaka inzu za reta, ahubwo baha uburyo abikorera utwabo bwo kurihisha Reta, ahubwo iza Reta nazo zigapangwa n’abantu, Zikarihwa ubusa. Nico gituma hubatswe ingoro y’umukuru w’igihugu, ava mungoro yari apanze no mu biro yari apanze.

Ubutare butari buzwi bwararondewe bumwe bumwe buratangura gucukurwa kuburyo buhanitse ; ni nka akabuyenge (terre rare), inzahabu, coltan eka na Nickel igiye kuzocukurwa niyo umuyagankuba waboneka ukwiye. Yararwanije urudandazwa rwo mukinyegero rwatuma Reta itigera ironka amahera yokwitunganya no gutunganiriza abenegihugu ikama nantaryo izera inze bigatuma abakoloni baboneraho gucura bufuni na buhoro igihugu nokubandanya uruyeri rwo gutunganya ivyacu.

Twarumvise  - Twarabonye  - Twaratahuye

Petero NKURUNZIZA niwe mukuru w’igihugu yiyegereza abenegihugu batobato akanabafasha ibitari bike niyo ibibananiye arivyo mumuryango biterekeye bose. Akarorero ni ukuntu mumuryango wiwe bama bafashije ababituye igihe cose baba bafise umwana canke awundi wese aba arwaye indwara zitavurirwa ngaha ziba zisaba kuja mumahanga.

Eka ivyo yaranguye tawobidonda ngo abiheze, ninaco gituma uguharanira amahoro, ugukunda abantu, ukwitwararika igihugu, ubwenge bwingene ashika kucarico cose ashaka gukora atibagiye abandi vyamutumye aba rurangiranwa mumakungu gushika aho yaronse udushimwe tugizwe nibidari nibindi bimenyetso abihawe ninzego n’amashirahamwe anyuranye yo mumigabane n’ibihugu binyuranye vyo kwisi.

  1. Yaronse agashimwe ka « Doctorat honoris Causa » yatanzwe nishure kaminuza latin « University of theologia » muri california muri Reta zunze ubumwe bwa America(USA)
  2. Prix de la paix yatanzwe na ASSIS Pax International.
  3. Prix de la Paix yatanzwe na ACCORD Durba S.A mukwezi kwa ruheshi 2006
  4. « Prix de l’environnement » yatanzwe na « Ceinture Verte » yitiriwe umwami mwezi gisabo, i Bujumbura muri Rusama 2009.
  5. « Prix de la Paix » yatanzwe muri mukakaro 2009 n’ibiro vya ONU bijejwe gutsimbataza amahoro mu burundi.
  6. « Prix d’un Leader Modele Pour une Afrique Nouvelle » yatangiwe i Nairobi kuwa 19/Myandagaro/2009 yatanzwe « AFREG » (African Forum on Religion and Goverment).Iryo shirahamwe rifise icicaro muntara Floride kuri Reta zunze ubumwe za America. Ako gashimwe bwari ubwambere gahabwa umukuru w’igihugu co muri Africa.
  7. « Prix de la Paix » yatanzwe n’ishirahamwe ry’abakatolika ry’i SAN EGIDIO riri vaticano kubera yakuyeho igihano c’urupfu mubutungane bw’uburundi. Yaryiherewe na Papa Benoit XVI ubwiwe nyene.
  8. Muri Nyakanga 2010, i New Delhi mu buhindi yararonse agashimwe n’ishirahamwe ryitwa « UNITY INTERNATIONAL FONDATION » kitwa « Rising star of Africa » ni ikuvuga inyenyeri iserutse imurikira Africa. Bagomba guhaya ubutwari afise mugutsimbataza amahoro n’iterambere muri africa.
  9. Muri Gitugutu 2011, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitwa « Peace and Sport »ryamuhaye agashimwe kitiriwe umurongozi mwiza cane muvya politike, yashoboye kugira ivyakarashishi igikoresho c’ukunwanisha abarundi no gutsimbataza amahoro.
  10. Muri Nyakanga 2012, i New Delhi mubuhindi, Petero NKURUNZIZA yaronse agashimwe kitiriwe « Nouveau Modele de Leadership en Afrique » nukuvuga Urundi rugero rw’ubuyobozi muri Africa katanzwe n’ishirahamwe ryitwa « MAMTA » rifise icicaro mu buhindi, rikora muvyerekeye amagara y’abavyeyi n’abana. Aho bagomba kumukengurukira kuvyiza  vyinshi yakoze mubikorwa rusangi no mukwegereza ubutegetsi abenegihugu.
  11. Muri Ruheshi2013, i yokohama mubuyapani, hambavu ya TICAD (inama yariko iraba ivyerekeye iterambere rya Africa ; Petero NKURUNZIZA yarahawe agashimwe n’ishirahamwe « AFRIJAPAN-AFRICASIA » kitiriwe Indongozi mw’iterambere ry’abenegihugu, mukwibuka ubutwari yagize mukwiyumvira no mugushira mungiro uburyo butari bumenyerewe bwo kwegeranya abenegihugu no kubigisha imigenzo mishasha, n’ibikorwa bokora bigatera imbere atamitahe n’imfashanyo birinze kuva hanze y’igihugu.

Petero NKURUNZIZA yongera gutwara Uburundi

Naho Petero NKURUNZIZA akundwa cane n’abarundi akaba kandi yarakunzwe n’amakungu uravye ubwobushimwe bwose yaronse  mumyaka itarenze indwi, hariho abarundi bamwe bamwe n’abanyamahanga batamwerekwa kuko kumbure ateye kubiri n’inyungu zabo.

Hari abigeze gutwara kera bicuza ivyo bahoze bakora bagitwara. Kenshi babonye ingene akora, bumva isoni bakabonako bobo umenga ntaco bakoze, bakipfuza kumbure kuhasubira nabo berekane ko hari ico bokora kumurusha

Bamwe bamwe baracafise amacakubiri yUbwoko ukamenga ntamuntu wo mubwoko bwabahutu yobatwara, ariko ivyo ni ivyiyumviro vyataye agaciro muri ikigihe. Abandi nabo, ivyo babonye ko imigambwe yabo ifise abanywanyi bake, bakibukako batagira ababatora gushika aho batsindira ikibanzac’umukuru  w’igihugu, baca bashaka ko ivyo vyamatora vyohava, hagakora ibiganiro vyoshikana kuntwaro mfatakibanza aho umugambwe wose woronka indongozi zotwara. Ivyo navyo abarundi bararahiye bararengwa ko bitazosubira.

Hari n’ibihugu bitabonye ryiza ubutwari bwa nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA kuko ariko aha akarorero ibindi bihugu vya africa ingene vyokwiteza imbere bikazobona kwikukira vyukuri, ahonaho ivyo bihugu vya rutura vyo hahombera inyungu bikura mugusamara kw’ibihugu vya Africa.

Nico gituma abarundi badakunda amatora, bifadikanij n’ivyo bihugu vyo mumahanga, bateguye  ingene botangira Petero NKURUNZIZA ntasubire gutwara, mberen’umugambwe wiwe uveho, ntusubire kurongora igihugu, mbere bishobotse usambuke, upfe uhere, ntuzosubire kuvugwa.

Abobanyamahanga rero barateguye amafaranga atari make, bayahereza amashirahamwe amwe amwe yiyita ngo ntaharanira ivyicaro vya politike harimwo n’amaradiyo amwe amwe yigenga, baraheza barategura bafadikanije naya migambwe imwe imwe ngo Petero NKURUNZIZA ntasubire kwitoza.

Ubwamberenambere amatora ya 2010 agihera, bagize urunani rw’imigambwe idashaka amatora bawita ADC ikibiri. Amatora ya 2015 yegereje naho batangura kuvuga ngo Petero NKURUNZIZA ntarekuriwe kwitoza, n’umugambwe wiwe utaragera aho utanga uwitoza, yamigambwe nayama shirahamwe naya maradiyo bitangurira rimwe kuvuza induru nkuko hoba hari igiteye atanivyamatora biragera.

​Muri Ndamukiza, umugambwe CNDD – FDD ugize ikoraniro Kaminuza ugaserura uwuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, hari kuwa 26/4/2015 baciye bagomorera abanywanyi babo mw’ibarabara batangura guturira amapine, barazibira amabarabara, baraturira imiduga, barabuza abantu kuja kukazi, eka igisagara ca Bujumbura kiragwa mukaga. Icatunze igihugu, ni uko abagumutse babaye inkehwa babaye abo muma karatiye amwe amwe ya bujumbura nka Ngagara, Cibitoke, Mutakura, Nyakabiga ,Jabe,Musaga ni igice ca Kanyosha.Ahandi hose hagumye hatekanye.

​Yamigambwe idashaka amatora ariyo MSD Inkinzo, Sahwanya Frdodebu, PalipeHutu FNL, UPD Zigamibanga, ADR Imvugakuri,… benayamashirahamwe : ligue Iteka, Fonic, FOCODE, APRODEH, Maison shalom… bari bahawe amahera n’abazungu , baciye  bashigikira abagumutsi, bakabagaburira ibirimwo ibiyayuramutwe bakabaha inzoga ziborera, bakanabahemba buri mugoroba bahejeje ibikorwa vyo gusambura igihugu.

Harageze aho hagira abitura Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’uburundi ngo ice urubanza rw’uko Petero NKURUNZIZA arekuriwe kwitoza canke atarekuriwe, Sentare iramuha uburenganzira ariko abagumutsi ntibahagaritse. Urwo rubanza rwarajanywe no muri Sentare yIshirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’ubuseruko (EAC) ivuga kwakundi nyene, ntibashizwe gushika aho italiki 13/5/2015 bakora isenyurwa ry’ubutegetsi ari navyo vyerekenye neza ivyo bashaka. Reta yaragize uko ishobora kwose barananirwa muri vyose, barahunga, abasigaye barishikana bongera bavuga ababiteguye n’ingene babikora.

Ubwo vyabihugu vyari vyabatunye arivyo : Ububirigi, Ubufaransa, Urwanda n’ibindi vyinshi vyaburaya, baciye babakiriza yompi. Barabandanije batyoza uburundi babubeshera ivya Genocide itariho, ngo batyoze agateka kazina muntu kandi vyakorwa n’abonyene eka n’ubu ntibaraheba kandi uburundi butekanye cane.

​Itorwa rya Petero NKURUNZIZA

Inyuma y’iyo migumuko, harateguwe amatora, ibihugu vya buraya bivuga ngontazoshoboka kuko vyari vyahagaritse imfashanyo ariko yagenze neza cane. Yabaye itariki 21/7/2015ariko kugira abe haciye ingorane nyinshi, aza arasiba niho Uburundi bwahinyurako amakungu agomba guta mukaga igihugu ngo inzego zahahora zize ziheze ikiringo atazindi zateguwe. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatowe kuma jwi 69.41%.

Munyuma harabaye ibiganiro muntara no mumakomine  yose y’Uburundi vyohuza abarundi b’Ubwoko bwose, n’imihingo yose arinavyo vya vuyemwo ibwirizwa nshingiro rishasha ryatowe n’abarundi bose kuwa 17/5/2018. Iryo bwirizwa Nshingiro ryatowe kumajwi 73.3%, abari bayitavye bari 96%.

Ubu rero umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZAyarabandanije kurangura imigambi yishinze yo guteza imbere igihugu. Ubu mbere harateguwe umugambi ngenderwako wokuva 2018 – 2027, ari nawo imigambi yose itegurwa yisunga. Twomenyesha ko ari ubwambere Uburundi bwitegurira bwonyene umugambi bukoresheje abahinga babwo n’uburyo bwose atakivuye hanze kuko kare bayitegurira mumahanga bakayizana nkabayidutamika arinaco gituma atakintu gifadika yatumarira.

Ikindi yakoze muri iki kiringo canyuma, yarahaye amakomine yose y’uburundi amahera angana ni Imiliyoni mirongo itanu (500.000.000 fbu) ngo yifashishe mwiterambere ryayo ubu bikaba biriko biragaragara ko ama komine ariko ariteza imbere, yaraye mbere ayongeye imilioni indwi (70.000.000 fbu) ubu akazohora aronka 570.000.000 fbu, ico kintu akaba atantwaro nimwe yari yaciyumviriye.

Urudandazwa rwamagendu rukaba rwaragwanijwe bihagije gushikaho ubu OBR (Ishirahamwe ryegeranya ama tagisi ya Reta) yinjiza amahera kuburyo buhagije kuburyo ibice 80% y’ amafaranga Reta ikoresha ari ayo twinjiza aha iwacu ariko kera abazungu badufasha kwari nko kudusinziriza tukama turira ubukene kandi twita ngo turafashwa.

Abahoze barwanya intwaro yiwe nubu bakaba basya batazambaye iyo  bari i buraya n’ahandi, baratangaye igihe Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA atangarije icese ko atazokwitoza mumatora y’umukuru w’Igihugu yo mumwaka wa 2020. Yabivuze atawari avyiteze mbere no mubo basangiye umugambwe n’abamwegereye mu buzima bwa misiyose. Hari kuwa 07 Ruheshi 2018, ariko arashikiriza icese abenegihugu ibwirizwa nshingiro ryari riherutse gutorwa kuwa 17/Rusama2018.

Kuva ico gihe, abamurwanya baciye babura ico bamuvugako kuko bamurwanya bishimikije gusa ivyo kwiyongera ibiringo, ibindi vyinshi wasanga ari ibinyoma n’amarementanya. Bamwe bavuze ngo arabesha tuzovyemera tubibonye ariko vyukuri urugamba rwabo rwaciye rubura ishingiro, Umurwi wabo CENARED utangura gusambuka, bamwe barategura mbere no gutahuka muburundi, abandi baramenyesha ko amatora yo mu 2020 bazoyitaba atagisivya.

Isezerano ritazohinduka : Imana twayihaye ikibanza  ca mbere mumugambwe CNDD - FDD

>