CNDD-FDDNo Comments

Petero Nkurunziza azokwemera kuva kubutegetsi, yosubiririrwa nande ?

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Ubrundi ni umuntu akunda  kuvuga ukuri , amenera uruda kurukumu kandi ico yemeye akagikora, ariko ntikibuza ko abamurwanya bama bamuvugiye ivyo atavuze canke ntibemere ivyo yivugiye kandi ataciyumviro boserura cemeza ko ivyo yavuze atazobikurikiza.

More...

Kuva mumwaka wa 2015 igihe hari imigumuko, yaravuze ati yamara barundi namwe makungu, kwitoza ikigihe ni uburenganzira bwanje  nimundeke nitoze ariko rizoba ari iryanyuma kuko mumatora ya 2020 sinzogaruka.

Yarasubiriye arabivuga igenekerezo rya 7/6/2018 atawari avyiteze igihe yashikiriza abarundi n’amakungu Ibwirizwa Nshingiro ryari riherutse kwemezwa n’abarundi mumatora  y’akamarampaka yo kuwa 17/5/2018 atawe babiganiriye mubo  basangiye umugambwe CNDD – FDD, yararivumereye ati : « Nagomba kumenyesha abarundi n’amakungu ko mumatora yo muri 2020 ntazosubira kwitoza kandi  nzofasha mwenewacu azotorwa ngo arongore igihugu kugirango ntihagire na kimwe comugora mugutunganya igihugu nzoba ndamushikirije».

​Isezerano ritazohinduka : Imana twayihaye ikibanza  ca mbere mumugambwe CNDD - FDD

Abo basangiye umugambwe  vyaragaragaye ko atavyo bari biteze, vyamuvuye kumutima. Abenegihugu bato bato ari nabo bamukunda kuruta abandi, kandi ari nabo benshi  mugihugu, barababaye cane, kandi n’ubu benshi umutima nturaja munda. Abamurwanya nabo (CNARED, FRODEBU, Ububirigi, Ubufaransa n’ibindi bihugu bidakunda Petero Nkurunziza)baguye mugahundwe.

Igihe hatorwa iryo bwirizwa nshingiro  bavuga ngo arondera kuzokwitoza gushika mumwaka wa 2034 !  Bumvise atozosubira rero babaye nk’abakubiswe n’inkuba, babanza kuguma mugacerere hanyuma basa n’ababuze ishingiro rya politike yabo kuko ico baririmba gusa cari ico ca 2034.

Imisi ihaciye bamaze guhembuka baciye batangura kuvuga ayamuhe : ngo Petero Nkurunziza n’umunyamayeri, ngo arabesha harya nuguhuma amaso abarundi n’amakungu, ngo ntiyoviririra ubutegetsi n’ibindi. Ariko Petero Nkurunziza wew canke abavugizi biwe, baramaze kuvuga ko atazosubira kwitoza incuro nyinshi inyuma yaho yabivuga i Bugendana.

None abo baguma bamuhomekako ubutegetsi bw’inyuma ya 2020 kandi yaravyivugiye ko atazosubira, baba ari bande ? Bashaka iki ? ivyari vyo vyose Si abakunda ineza y’igihugu. Ukubura ivyo bavuga ntibitangaje kuko ivyo Petero Nkurunziza yakoze vyiza ni vyinshi cane kuko n’uwuzoza munyuma adatumbereye inzira Petero Nkurunziza yaciye vyomugora cane.

Ninde none yomusubirira

Umugambwe CNDD  - FDD, ni uwa abagumyabanga koko, ntucira nohasi izina ry’uwuzomusubirira baba abakunzi bawo, baba abawugwanya, ntawuzi na kimwe kumusubirizi wa Petero Nkurunziza.

Igihe General Evariste Ndayishimiye yemeye kuva mugisirikare c’Uburundi (Démobilisation)hanyuma bakamutorera gutwara umugambwe CNDD – FDD abantu benshi baciye biyumvira ko ategurirwa kuzokwitoza mukibanza c’umukuru w’ Igihugu mumatora ya 2020.

Hariho nibindi bimenyetso vyabaye womenga vyaremeza ico ciyumviro : nkakarorero, Evariste NDayishimiye yaragize isabukuru, yahimbarije  i wabo muri komine Giheta, Paroisse Murayi, yabonekanye kw’ifoto yambaye neza cane imyambaro y’abarundi bakera y’ iteka. Papa Fransisko Umwungere wa Ekleziya katolika yaciye amurungikira ubutumwa bw’ukumukeza.

​​Abagumyabanga duhamagariwe kuguma duharanira na ntaryo ineza yabenegihugu bose no kubungabunga itunga rusangi

​Abantu benshi bariyumviriye ico bisigura ntibasobanukiwe. Ariko abazi gusesangura ibintu n’ibindi muvya politike, babonye  ko aba episkope ba Katolika b’Iburundi aribo batanze iciyumviro i vatican, cuko Evariste Ndayishimiye , umu Katolika akwiye ibisabwa n’amategeko, abaye umukuru w’igihugu vyonezera Ekleziya y’iburundi na Vatican.

Burya birekwa kuvugwa cane kubera abarundi ari abantu bihoreye, badatwarira hejuru kandi bazi kwitonda mubihe ivyarivyo vyose, biragaragara ko nyenicubahiro Petero Nkurunziza umuporoti akwije ibisabwa n’amategeko agatwara igihugu kigizwe n’abakatolika hafi 70% mugihe abaporoti bangana hafi 20% ntivyoreka kubabaza abarongozi ba Ekleziya katolika kuko aho kubona ivyo guteza imbere igihugu bobabara kuko babona cane ivyo kubatwara abakirisu kuko yama yateguye i bikorane muntara zitandukanye z’ igihugu, abakozi bakuru bakuru ba reta bagahindisha imiduga ariyo baja ukamenga bahindutse aba poroti kandi kukaba nkako ntihabura nabake wosanga bahinduye idini.

Ariko tubivuge tubisubire, iyo aba Episkopi bandika amakete bayasomera abakristu, barya ba Kristu nyene nibo ba CNDD – FDD, nibo bagumyabanga, nibo bakenyererarugamba, nizo mbonerakure, barumviriza bakihorera bakazirikana bakaraba ko mumabwirizwa y’Imana ataco bononye, bagenda mumugambwe bagakurikiza ivyo umugambwe ubasaba.

Abarundi baciye mungorane nyinshi ivyo vyo guhiganwa hagati yaba katolika n’abaporoti sivyo bibaraje ishinga. Barazi ko Umukuru w’igihugu ari mu baporoti ariko bamukunda nkakaja munda kuko ntibakunda idini yiwe bakunda ico abamariye.

Hari n’abandi banuganuga Nyabenda Pascal yahoze atwara umugambwe CNDD –FDD ubu akaba atwara Inama Nshingamateka ariko sinzi iyo babikura kuko wewe ntanikimenyetso kigaragara bafatirako.Uwo nyene barigeze kumwikeka imbere yuko umugambwe umenyesha uwitoza mumatora ya 2015 kuko hari hasohotse ikirangamisi cariko ishusho y’umukuru w’igihugu abangabanganye na Nyabenda ariko barabonye ko ico gihe bitabaye ivyo bipfuza.

Baravugavuga Ezechiel Nibigira umushikirangaji w’imigenderanire n’ugufashanya n’ibindi bihugu ariko ntavyemezo bari bubironkere. Hari nabavuga ngo uwuzozokwitoza azova muntara ya Cibitoke  ngo kuko hava abasirikare bakurubakuru b’ ipete rya General ari benshi.  Hari nabavuga uwo bipfuza bivanye nintara bavamwo kuko babona ko intara yabo ivuyemwo umukuru w’ igihugu yotera imbere gusumba.

Abavuga ibi canke biriya baba bashikiriza ivyipfuzo vyabo nayo umugambwe  CNDD – FDD wowo uracagumije ibanga, Umusi hageze uzoshikiriza kumugaragaro uwo wize neza ukabona ko akwije ibisabwa n’amategeko  kandi wizeye ko ashoboye ivyo bomushinga.

​Twarumvise _Twarabonye _

Twaratahuye

>