CNDD-FDDNo Comments

​Politike Y’ iterambere riciye kuma Koperative N’ Amashirahamwe

Kuva Umugambwe  CNDD – FDD utanguye gutwara igihugu, waje wiyumvira ivyerekeye guhimiriza urwaruka kw’iyungunganya mumamashirahamwe kuko arivyo soko ry ‘iterambere.

Kuki iterambere ryoroha kubiyunze ?

  • Iyo abantu bari hamwe bakora vyinshi batarinze gukoresha inguvu nyinshi ;
  • Ivyo bungutse ntawupfa kuvyiha hatabaye umwumvikano wa bose ;
  • Ugusesagura biba umugani ;
  • Reta canke abandi bagiraneza barafasha ivyo badashoboye gufasha umuntu yirebanga ;
  • Uko abanyeshirahamwe bagwira niko imitahe igwira gushika aho atawokwemera aho mwahereye.
  • Enter your text here...

    Hari ubwoko bungahe bw’ amashirahamwe ?

    Kuva CNDD – FDD itanguye uwo mugambi, haragiye haraba amashirahamwe atari make, ariko menshi ni ayabakenyezi yerekeye uburimyi, ubworozi n’Ibindi.

    Ayandi nayo bayita i kirimba usanga abantu basoronganya amahera bakayateranya bagahereza uwuja kwikenura, uwundi musi bagahereza uwundi, gutyo gutyo bose bakazoteba bakaronka, uwaronse ubwambere babandi bose baheze yaca asubira akaronka.

    Ayo mashirahamwe uretse inyungu zamahera bakurayo yaragize n’ico ahindura mumibereho no munyifato z’abantu mubuzima bwa misi yose nk’ akarorero :

    • ​Uwucerewe munama y’ ishirahamwe aca atanga amande y’amahera aba yarashinzwe n’abanywanyi, akinjira mukigege c’ ishirahamwe, nico kimwe niyo yasivye.
    • ​Uwutukanye canke akagwana mwishirahamwe canke hanze y’ ishirahamweatozwa amande  kwakundi nyene akinjira mukigega c’ishirahamwe.
    • ​Iyo hageze kuriha ideni uwo musi ntuyatange, haca hiyongerako amande akinjira mw’ishirahamwe.

    Ivyo vyatumye abarundi bahinduka munyifato. Ububegito butandukanye : ugucererwa, ugusiba, ugutukana, ubukene burengeje vyateye bihera ;  kuburyo igihugu gitera gihinduka kandi gitera imbere muri vyinshi

    ​Amakoperative

    Iciyumviro c’ amakoperative si icavubamu Burundi. Ubwambere na mbere , iciyumviro c’amakoperative cazanywe na Rwagasore be na Paul Mirerekano, imbere y’uko Uburundi bwikukira. Rwagasore amaze kugandagurwa amakoperative ntiyabaye agitera imbere kuko Umugambwe UPROna waciye winjirirwa n’abansi ba demokarasi batashaka ko abenegihugu biteza imbere. Ayari amaze kuvuka atera ahomba gushika aho yose aherengetera.

    ​Koperative "Sangwe"

    Intwaro ya Petero Nkurunziza  yavyuye ca ciyumviro ca Rwagasore mugushinga amakoperative kumitumba yose igize ama komine yose yuburundi. Ayo ma koperative yiswe « Sangwe ». Abenegihugu barashira hamwe amafaranga make atobagora kuronka, hanyuma bagatangura igikorwa baba biyemeje.

    Ubu rero Reta iheruka gufata ingingo yuko muri yamahera ifashishamwo ama komine burimwaka (570.000.000 fbu)menshi muri yo nka 400.000.000 fbu azohabwa ko ingurane amakoperative yo kumitumba igize komine, ayasigaye (170.000.000 fbu)akore ibindi bikorwa vyiterambere rya komine. Ayo mahera amaze kurihwa azoza arahabwa abandi batari bwaronke gushika aho iterambere rizogaragara mugihugu cose.

    Kubera ko buri mwaka reta itazohengeshanya guha ama komine za miliyoni amajana atanu na mirongo indwi, ko uko komine izofasha amakoperative canke ikayaakoresha mubindi bikorwa vy iterambere niko uzosanga igihugu cateye imbere bihagije.

    ​Ibanki y' Urwaruka

    Haheze igihe kitari gito Reta  yUburundi itegura ingene yoshinga ibanki y’ uraruka izoza iragurana imitahe urwaruka ruhurikiye mumashirahamwe canke muma koperative.

    Reta izoshiramwo imitahe yo gushinga banki, ama komine nayo ashiremwo 400.000.000fbu avuye muri ya 570.000.000 Leta ifashisha ama komine. Gutyo Leta  n’amakomine bazoba ari abanyamitahe yiyo banki kumbure nabandi bagwizatungabazobikenera bazobashiramwo hanyuma iyo banki izofasha gusa  urwarukaruri mumashirahamwe kuko Leta itagishobora guha akazi urwaruka rwose ruhejeje amashure.

    Nguwo umuti urama Leta y’ uburundi yatoreye ikibazo c’ubushomeri bw’abarangije amashure batakironka akazi, nibwo buryo yatoye kandi mukurwanya ubukene mugihugu.

    >