​Ururirimbo ruhayagiza Umugambwe CNDD - FDD

I. CNDD - FDD Inama y'abanyagihugu Baharanira Demokarasi nyakuri​ ,       Mu Gihugu kigengwa n'amategeko, Abarundi bose bubahirizwe;         Bishire kandi bizane mu gihugu c'amavukiro,                                   Batunge batunganirwe mu vyabo no mubabo,  ata wandya canke wangura.

II. CNDD - FDD irondera ineza ya bose Ntikumira igomba ubutungane, Ugusabikanya muri vyose ,   Umutekano kuri bose;                     kugira bene Burundi boye kwama bicwa Kandi ataco bazira baganzwa nkibikoko Abarundi turavyanse

III. CNDD - FDD irondera intwaro, Isubiza ijambo abanyagihugu, Hakaboneka indongozi, zibikwiye kandi z'imvuga kuri; zemera ubutegetsi buciye mumatora, abarundi bakaronngorwa nabo bitoreye,            Ata gikenye n'agahotoro.

V. CNDD - FDD mizero y'abarundi,   Nta numwe atogushima,             Imigambi yawe ibereye Uburundi, Abarundi isinzi tukuri inyuma; N'ukomere mu bawe we rukiza rw'abarundi,  tuguhaye urabikwiye kumigambi yawe myiza,  CNDD - FDD

IV. CNDD - FDD ni wewe twizigiye, Usubize iteka abarundi,               Urwanye ikinyoma n'akarenganyo, Akagaye be no guhemuka;                 Iragi twasigaranywe n'incungu za demokarasi, Rwagasore na Ndadaye biguze abarundi bose;                       Muze twese turigendere.

>