Ururirimbo ruhayagiza Umugambwe CNDD - FDD
I. CNDD - FDD Inama y'abanyagihugu Baharanira Demokarasi nyakuri , Mu Gihugu kigengwa n'amategeko, Abarundi bose bubahirizwe; Bishire kandi bizane mu gihugu c'amavukiro, Batunge batunganirwe mu vyabo no mubabo, ata wandya canke wangura.
II. CNDD - FDD irondera ineza ya bose Ntikumira igomba ubutungane, Ugusabikanya muri vyose , Umutekano kuri bose; kugira bene Burundi boye kwama bicwa Kandi ataco bazira baganzwa nkibikoko Abarundi turavyanse
III. CNDD - FDD irondera intwaro, Isubiza ijambo abanyagihugu, Hakaboneka indongozi, zibikwiye kandi z'imvuga kuri; zemera ubutegetsi buciye mumatora, abarundi bakaronngorwa nabo bitoreye, Ata gikenye n'agahotoro.
V. CNDD - FDD mizero y'abarundi, Nta numwe atogushima, Imigambi yawe ibereye Uburundi, Abarundi isinzi tukuri inyuma; N'ukomere mu bawe we rukiza rw'abarundi, tuguhaye urabikwiye kumigambi yawe myiza, CNDD - FDD
IV. CNDD - FDD ni wewe twizigiye, Usubize iteka abarundi, Urwanye ikinyoma n'akarenganyo, Akagaye be no guhemuka; Iragi twasigaranywe n'incungu za demokarasi, Rwagasore na Ndadaye biguze abarundi bose; Muze twese turigendere.